Devenir notre partenaire Créez votre emploi avec nous Votre avis sur nous


A La Une
Le PND 2018-2027: Conscience de l'Etat Nkozi - l'Etat Mvyeyi du Septenat 2020-2027
 

Ijambo Umuganwa Ludoviko RWAGASORE yashikirije kw’igenekerezo rya 19/09/1961, umugambwe wiwe UPRONA waraye utsinze amatora

Kubaganirira muri iki kiringo numva ari ibintu bimpimbaye. Murarangije gutora, muratoreye Uburundi, abanyu bazobuyobora, murahejeje gushinga ingingo ishorera Uburundi, ibuteza imbere. Ivyo vyose mwabigiranye ubwitonzi, amahoro n’iteka ryinshi.

Iyo abantu bahigiye ku kintu, hama na ntaryo uwutsinda n’uwutsindwa. No mu vya politique ni uko nyene. Uyu musi UPRONA yatsinze, itsinda kuko mwabishatse, mbere igiye gushinga Leta y’Uburundi.

Ariko rero, muri iryo tora, uwatsinze n’uwatsinzwe ni Abarundi basa. Basangiye intara, bakagira umwami umwe. Naho nyene badasangiye umugambwe, Uburundi burabakeneye bose. Ni co gituma, ncuti zanje, intsinzi y’uyu musi atari intsinzi y’umugambwe. Uyu musi hatsinze amahoro, hatsinze iteka n’itekane ry’Uburundi.

Kuko nyene ahatagira ubukuru nyabwo, hatagira iteka ntihagire n’itekane. Ahatagira ubukuru nyabwo ntihaboneka amajambere. Igitsinze uyu musi kandi ni demokrasi y’ukuri, demokrasi nk’uko Abarundi bayumva kandi bayifuza. Namwe murazi ko, ico Abarundi bifuza ari ubutungane bw’ukuri. Ubu rero ubutigu burageze bw’ukwihweza ibibazo vyerekeye Uburundi. Ivyo bibazo murabizi namwe : Hari ukwongereza itunga ry’igihugu, hari ibiraba amatongo yanyu, hari ibiraba uguteza imbere abatobato n’abakene. Hari ivyerekeye amashule n’ibindi. Tuzogerageza kwitaba ivyo bibazo vyose nk’uko bibereye.

Ico nipfuza cane cane, ni uko umuntu wese aba muri ubu Burundi, yogira ati : Ashiii ! Maze umutima ugasubira mu nda. Nshaka ko ata n’umwe yogirirwa nabi, nshaka ko Leta yoba umuvyeyi ahumuriza bose, akabakingira. Ni co gituma Leta tugiye gushinga itazokwigera igirira imbabazi umuntu azorondera gutera umugumuko mu ntara. Ndasagasagiye cane incuti n’abagenzi ba UPRONA, ngo berekane ko twatsinze tubibereye. Namwe badasigana mwese mwakoreye umugambwe, nimugwirize incuti mu mugambwe wacu, nimugwane mu nda n’abo mwahora muhiganwa, ntimwishime, ntimushire isoni.

Abategeka umugambwe w’Abadasigana, bazokwereka abari muri wo, ko uyo mugambwe urondera ubupfasoni n’umubano mwiza. Nta na rimwe bazokwemera ko haboneka ishirasoni zityoza iteka ry’Uburundi mu bikorwa no mu majambo.

Ivy’ukugwanira gutsinda mw’itora vyarangiye, hasigaye ineza ya bose. Nidushishikare rero tuyirondere. Umudasigana rero, azoramuka ahagaritse umutima abantu b’akavantara bari mu Burundi, cabure abo bidasangiye umugambwe, azoba agiriye nabi cane Uburundi, kandi n’uguhanwa azohanwa bimwe bishimitse.

Na yo imihimbiri, ibisuma n’abambuzi, nibamenye ko nibafatwa bazohanwa nya guhanwa. Uburundi ni bwo buhejeje kwitorera, none wumva twokwubahuka kubuhemukira mu gukoresha iteka bwaduteye mu kwihora cabure mu kwishima ? Ubukuru twahawe tubwirizwa kubukoresha mu guhumuriza Abarundi bose, mu kugwiza urukundo n’amahoro mu gihugu cacu.

Abakuru b’umugambwe w’abadasigana, barakwiye mbere gusumba abandi gutanga akarorero k’ugutekanya igihugu, no kukigwizamwo umubano mwiza. Murazi ico twamye tugwanira, twamye tugwanira guteza imbere igihugu cacu. Ni co gituma umugambwe w’abadasigana, utazokwigera wemera uwurondera kuwutesha iryo teka.

Niko umugambwe wanje uratsinze, ariko nta ntsinzi ndemera, ntabonye ko Uburundi bwose buri mu mahoro, mw’ihirwe n’amajambere y’ukuri. Turakengurukiye abo bose bashaka kudufasha gukorera Uburundi bwacu.

Ico twemereye igihugu ntituzoruhuka tutakigishikirije. Ndashimiye cane Ububiligi bwatureze. Turazi neza ko umuzigo bwahora bwikoreye mu gutwara iki gihugu bugiye kuwutereka ku mutwe wacu. Turazi ico twemeye kandi tuzogikora.

Babiligi mwatureze, nimudufashe mu vyo duteyemwo, ntimutwibagire mu bukene bwacu, maze mudufashe twigumye, duteze imbere Uburundi bwacu nk’uko bibereye.

Tugiye kwishira twizane kuko twakuze, ariko rero tuzokwama twigana abatureze mu vyerekeye ukwubaha no gukundana.

Muzoba muvyibonera, nimwabishima duhimbagwe.

Ndaboneyeho mbere gukengurukira Bwana Dorsenville, umukuru w’intumwa za ONU mu Rwanda n’Uburundi, hamwe na Bwana Gaston n’abagenzi babo, ku vyiza batugiriye cane muri aya mezi duhitiye twitegurira ivy’itora.

Imana nidufashe ituje imbere, maze Umwami wacu Sebarundi, arambe ahangame ku Ngoma.

UBURUNDI ntibwigeze bugwa mw’isanganya.

Partager cet article sur
 
 
 
 
 
 
 
 
 
 
 
             
... Suite des enregistrements
             
... Suite des enregistrements
Pour nous annoncer un acteur ou une innovation qui vous marque
© Burundi Net center, Rohero II, Bld de l'Indépendance N°6 - B.P. 6615 Bujumbura - Tél: 79918985 - 69704327 - Mail: info@burundinet.org  
Conçu et Hébergé par Burundi Net